forked from Adventech/sabbath-school-lessons
-
Notifications
You must be signed in to change notification settings - Fork 1
Commit
This commit does not belong to any branch on this repository, and may belong to a fork outside of the repository.
- Loading branch information
Showing
30 changed files
with
311 additions
and
72 deletions.
There are no files selected for viewing
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,18 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: Inzitwazo zo kutaja kurondera abazimiye | ||
date: 28/10/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
### Ibisomwa vy'Icigwa Ca Rino Yinga Aho Biboneka | ||
Yona 1–4; Nahumu 1:1; 2 Abami 17:5, 6; Zaburi 24:1; Yakobo 1:27; Yesaya 6:1–8. | ||
|
||
><p>Umurongo wo Gufata ku Mutwe:</p> | ||
> “Numva ijwi ry'Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugira? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma” (Yesaya 6: 8). | ||
Si umuntu wese yahamagariwe igikorwa co kuja kurondera abazimiye yacitabiriye nka Aburahamu. Yona ni we karorero (soma Yona 1-4). Imana yahamagaye Yona ngo aje guhanura Abanyeninewe, umugwa mukuru wa Ashuri. Uyu mugwa mukuru, wari usanzwe uri mu gihugu ca Irake ya kino gihe c‘iterambere, wari nko ku bilometero 900 uvuye i Yerusalemu, urugendo rw‘ukwezi kwose. Yona ntiyanse kugenda gusa – ahubwo yahungiye mu merekezo ahabanye. Ageze i Yopa, yahise atabuza itike imujana i Tarushishi, aha naho ubu hakaba ari mu bumanuko bw‘igihugu ca Esupanye. Gukora urugendo hafi rw‘ibilometero 320 vyashobora gutwara n‘imiburiburi ukwezi kwose, bivanye n‘uko ikirere cifashe. Mu kudashaka guhangana n‘umwami w‘i Ashuri, Yona yakoresheje ukwo kwezi kwose yari kumara kugira ngo ashike i Ninewe ariko arahunga gusa. Mbega ni kubera iki, umuntu w‘Imana, yubahutse gukora ibintu nk‘ivyo? | ||
|
||
Abanyeninewe bari basanzwe ari abanyavyaha ruhebwa, abantu bari basanzwe bazwi kubw‘ibibi vyabo n‘ubwicanyi bw‘akaburarugero bakora kandi bama bagavye ibitero kuri Isirayeli n‘Ubuyuda. Ariko n‘ubwo vyari ukwo, Imana yahamagaye Yona ngo aje i Ninewe kubagabisha mu bijanye n‘ubwo bugizi bwa nabi bwabo (Yona 1: 2). Amajambo yakoreshejwe ng‘aha arasa cane n'amajambo Imana yakoresheje igihe yavugana na Aburahamu ku birabana na Sodoma na Gomora, mw' Itanguriro 18: 20, 21. Nk‘uko tuja kubibona, ariko kandi, Yona ntiyari Aburahamu. | ||
|
||
Mbega ni igiki dushobora kwigira ku mwifato wa Yona mu bijanye n‘inzitwaro dushobora gushira imbere kugira ngo ntituje kuburira abazimiye? | ||
|
||
_Nimwige icigwa ca rino yinga kugira ngo mwitegurire Isabato, yo kw’igenekerezo rya 04 Munyonyo 2023._ |
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,18 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: "Urwitwazo Rwacu: Ubwoba" | ||
date: 29/10/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
`Soma Nahumu 1: 1; Nahumu 3: 1-4; na 2 Abami 17: 5, 6; 2 Abami 19: 32-37. Mbega ni ibiki iyi mirongo ishira ahabona mu bijanye na Ninewe hamwe n‟imigenderanire hagati ya Ashuri na Isirayeli? None ni gute iyo migenderanire, ahubwo, yashoboye kugira ubwaku ku ngingo Yona yafashe yo kuja i Tarushishi?` | ||
|
||
Imwe mu mvo zoba zatumye Yona atagomba kuja i Ninewe bwari ubwoba. Abanyashuri bari abansi babo bateye ubwoba, kandi Ninewe ni wo wari umugwa mukuru w‘ubwo bwami. | ||
|
||
‟Kimwe mu bisagara vyo mw‘isi yo hambere yo mu misi Isirayeli yari yariciyemwo ibice bibiri vyari bikomeye cane ico gihe cari Ninewe, umugwa mukuru w‘ingoma y‘Abanyashuri. . . .. Mu gihe c‘ubukomezi bwo mw‘isi Ninewe cari ihuriro ry‘ubugizi bwa nabi n‘ibigabitanyo. Mpwemu y‘ubuhanuzi ifata ko ico gisagara cari ‗igisagara c‘amaraso, . . . . cuzuyemwo ibinyoma, n‘isahu.‘ Mu mvugo ngereranyo uwuvugishwa n‘Imana Nahumu yagereranije Abanyeninewe n‘intare yicana kandi y‘uburakari bwinshi. Yaragendereje asanga ico gisagara, 'Ntaho gisiba kunyaga, . . . . 'mbega ni nde utahora ugirira nabi?‘ Nahumu 3: 1, 19.ˮ - Ellen G. White, _Prophets and Kings_ p. 265. | ||
|
||
Ninewe cari igisagara gikayangana. Abahinga b‘ivya kahise batubwira ko Senakeribu ari we yaguye cane ico gisagara, harimwo no kwubaka ikirimba kinini cane mu maj‘epfo ashira uburengero, ubwaco conyene cari ku buringanire bwa metero 503 kuri 242 kandi cari gifise ivyumba 80. Yongeye kandi yubaka imiyoboro 18 yo kuzana amazi mur‘ico gisagara ayakuye ku bilometero 65. Ibipimo vy‘ico kirimba vyonyene vyari biteye ubwoba. | ||
|
||
Ariko kandi Abanyashuri zari imburakigongwe. Mu nkuru yiwe y‘ukuntu yanesheje Babuloni, Senakeribu yaguma yiteragura hejuru ngo yujuje amabarabara n‘imivyimba y‘abanyagihugu baho, abakiri bato n‘abatama, kandi ibicapo vy‘utugenegene vyatowe n‘abasesanguye mu butaka bw‘aho hantu vyerekana abasoda bariko banogora amaso abafatiwe ku rugamba. Abo bari abantu utokwipfuje guhura nabo; ntibatinya gukoresha ubwicanyi bw‘akaburarugero, kandi ntaco biyubara mu kwica abo baba badakunda. Uko biri, amaze kwiyumvira ko agomba aje kugendagenda muri abo bantu b‘i Ninewe bameze bartyo, Yona yaciye atekerwa n‘ubwoba. | ||
|
||
N‘ubwo vyari bimeze ukwo kwose, dusoma ivy‘inkuru ya Yona mu buryo tudashigikira ukwo kuntu yaretse ubwoba bukamubuza gukurikiza amabwirizwa yari yahawe n‘Imana. Ico tutabona ni uko na twe nyene dushobora gukora nk‘ivyo (akarorero, kwemera kuganzwa n‘ubwoba aho kuganzwa n‘Imana). | ||
|
||
`Subiza amaso inyuma wiyumvire ku gihe wiyumvamwo inkomezi nyinshi ko Imana iriko ikuyoborera gukora ikintu wewe ubwawe, kubera ubwoba, vy‟ukuri utashaka gukora. None ni ibihe vyigwa wakuye muri ivyo bintu vyagushikiye?` |
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,17 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: "Inzitwazo Zacu: Ibinyoma" | ||
date: 30/10/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
Igihe inkube y‘umuyaga yatera ku kiyaga, Yona yatanguye kwitako imiragwe (Yona 1: 1). Umwifato wiwe werekana ikintu kijanye n‘ubwoko bw‘ivyiyumviro vy‘abantu mu bijanye n‘uko batahura Imana canke ‟imanaˮ. Mu gihe bahora bemera ko, hari imana zitandukaye zaganza ibihugu bitandukanye vyabo, ikiyaga cafatwa nk‘aho ari ikibanza gikomeye c‘amadayimoni. Mu vyiyumviro vy‘abakorera ku mazi, babona ko hakenewe ibimazi vyo guhwamika uburakari bwazo. N‘ubwo Yona yari Umuheburayo, bishoboka neza na neza ko yari afise iciyumviro nk‘ico nyene cari gisanzwe cemerwa mur‘ico gihe ciwe. | ||
|
||
`Soma Yona 2: 1-3, 7-10. Mbega ni ibiki iyi mirongo ishira ahabona mu bijanye n‟ukuntu Yona yatanguye gutahura uburinzi bw‟Imana?` | ||
|
||
Mbere n‘ubwo Yona yariko yiruka avuye mu karere aho abantu bafata ko Yehova ari yo Mana yabo, yahavuye yiga (mu buryo bugoye) ko mbere n‘ubwo yariko agenda yerekeje mu bantu b‘iyindi mico kama, Yehova yaguma ari hejuru ya vyose. Umuyaga n‘imikuba y‘amazi vyose ni ivy‘Imana. N‘ifi na zo nyene. ‟Isi n‘iy‘Uhoraho, n‘ibiyuzuye, isi n‘abayibamwoˮ (Zaburi 24: 1). Umutima wa Yona wahavuye ugaruka kw‘Isumbavyose yaremye isi n‘ikiyaga, maze aratura ivyaha vyiwe hama arakizwa. | ||
|
||
Na twebwe nyene, turashobora kudatahura neza ibijanye n‘Imana n‘ico itwitezeko. Kimwe mu bintu rusangi tudatahura ni uko Imana yipfuza ko duhurikiza ubwenge bwacu ku gakiza kacu bwite ni uko twozibukira ivyaha vy‘ab‘isi badukikije. N‘ubwo twigishwa kwirinda ngo ‟ntitwanduzwe n‘ivy‘isiˮ (Yakobo 1: 27), intumbero yacu ikwiye kuba iyo kuraba ukuntu twoshikana imihezagiro y‘Imana n‘ivyizigiro vyayo ku bantu bari mu ngorane. | ||
|
||
Irindi kosa ritubuza kwitabira akamo k‘Imana ko kuja kurondera abazimiye ni kwizera ko intsinzi yenena kuri twebwe ubwacu. Turashobora gukiza umuntu arenze umwe nk‘uko na Yona yashoboye gukiza Ninewe yose. Turashobora kuba ‟umukizaˮ mu vyiyumviro mu bijanye n‘iki gikorwa co kuja kurondera abazimiye. Umuhamagaro wacu si uwo gukiza ariko ni uwo gukorana n‘Imana mu gikorwa cayo co gukiza. Dutanga ibishingantahe bihimbara Imana mu buryo bunaka iriko iduhinduramwo, ariko Imana yonyene ubwayo ni yo ishobora guhindura umutima w‘umuntu. Kenshi na kenshi turakunze kwitiranya uruhara rwacu n‘urw‘Imana, urwo na rwo rurahagije gutuma umuntu uwo ari we wese aronka urwitwazo rwo kudashingira Yesu intahe. Ego, Imana yarakoresheje Yona, ariko Imana yonyene, si Yona, ni yo yahindukije Ninewe. | ||
|
||
`Kuzana abantu kuri Yesu biragoye, na cane cane ku bana b‟abantu iyo bashaka kwicishiriza aho bigombeye. None ni gute twomenya, ahubwo, kureka Imana ikaba ariyo yigarurira imitima y'abantu, ariko ibicishije muri twe no mu buzima bwacu hamwe kandi no mu gishingantahe cacu?` | ||
|
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,20 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: "Inzitwazo Zacu: Kwishiramwo Ko Tutabereye" | ||
date: 31/10/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
Ivyashikiye Yona ari mu nda y‘urufi (raba Yona 2) cari ikintu giteye ubwoba Imana yakoresheje mu kwerekana urukundo rwayo n‘imbabazi zayo, kandi isengesho rya Yona ryerekana ko atibagiye ubutumwa bw‘Imana bw‘urukundo. Ariko bivanye n‘uko yari yarigeze kugendana n‘Imana mu buryo burenze ubwenge bwa kimuntu ntivyasigura ko ivyiyumviro vyiwe vya kera canke imigenzo yiwe vyoba vyari vyarahindutse, rero yahavuye aja i Ninewe uko biri kwose. | ||
|
||
`Soma Yona 3. Mbega abantu bifashe gute imbere y'ubutumwa bwiza Yona yavuze? None ni ibihe vyigwa twebwe twokwigira ng‟aha mu bijanye no gushinga intahe?` | ||
|
||
Uko ivyiyumviro Yona yahora afise kuri Ninewe vyo vyari biri kwose, yavuze ivyo Imana yari yaramubwiye kuvuga, kandi inkurikizi zabaye nziza cane. Abanyeninewe basunikiwe kwihana! Ego, Yona yategerezwa guca mu bintu vyinshi, kugira ngo abone gukora ivyo atashaka gukora, ariko aho abikoreye, Imana yarahawe icubahiro. | ||
|
||
Rero, igikorwa c‘Imana co kurondera abazimiye kiri ku bitugu vy‘abantu bafise ubugombe bwo kwitanga, mbere n‘ubwo boba batabinezererewe. Ivyo duha agaciro bitegerezwa gusubirizwa n‘ubugombe Imana ifise ku bazimiye. Nk‘uko vyagenze kuri Yona, na twebwe rimwe na rimwe turakunze kugira inzitwazo zitubuza kuja kubwira ubutumwa bwiza umuntu canke umugwi w‘abantu banaka. | ||
|
||
Kugira ngo duhangane n‘inzitwazo zacu bisaba guca bugufi. Igikorwa co kuja kurondera abazimiye kandi gisaba umwanya n‘inkomezi z‘ibigumbagumba. Kwinjira mu buzima bw‘abandi bantu no kubitwararika vy‘ukuri bishobora gusaba ikiguzi. Mu gihe abantu dusigaye turajwe ishinga rinini no gutorera inyishu ibibazo vyo mu buzima bwacu bwite gusa, gufasha abandi mu bigumbagumba vyabo bishobora gusa n‘ibiruhije cane. | ||
|
||
Kandi mu kurangiza, kuja mu gikorwa co kurondera abazimiye kenshi bisaba ko duhindura ukuntu twiyumvamwo ubwacu n‘ukuntu dufata ibijanye n‘amahera. Haba mu bijanye no kwitwararika abandi, kugura ibitabu n‘ibindi bikoresho vy‘ivugabutumwa, canke kurihira amahera abafise ico bodufasha canke n‘ibindi vyose vyotuma dukoresha igihe neza mur‘ico gikorwa co kurondera abazimiye, hategerezwa kubaho uburyo bukoreshwa mur‘ico gikorwa co kurondera abazimiye. Uko coba kimeze kwose, igikorwa co kuja kurondera abazimiye cama gisaba kwitanga. | ||
|
||
Inkuru nziza ni uko n‘ubwo Yona yishizemwo ko adashoboye, Imana yakoresheje inkomezi nyinshi kugira ngo itume Abanyeninewe bihana. Ikibabaje gusa, Yona ntiyasabikanije na bo umunezero w‘imihezagiro y‘ijuru. | ||
|
||
`Mbega ni ikihe kimazi Imana iriko igusaba gutanga – canke kwitegurira gutanga – ku neza yo gusabikanya n'abandi urukundo rwayo? Mbega ubwo urizeye ijana kw'ijana ko izoshitsa isezerano ryayo ryo gukomeza ubuzima bwawe mur'ivyo bihe vyo kwitanga?` |
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,18 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: "Inzitwazo Zacu: Guhura n’Ibintu Bidahumuriza" | ||
date: 01/11/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
‟Asenga Uhoraho, ati : ―Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshoka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k‘ur‘Imana y‘inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibiˮ (Yona 4: 2). Mbega isengesho ryiza Yona yasenze! Canke koko ubwo ryari ryiza? | ||
|
||
`Soma Yona 4. Mbega ingorane yari iyihe n'uyu mugabo?` | ||
|
||
Yona yari afitiye inzigo nyinshi abantu Imana yamutumyeko kugeza n‘aho yiyumvamwo ko vyoba vyiza yipfiriye kuruta kumaramara igihe ubutumwa bwiwe bwo gucira urubanza Abanyeninewe bizobonekera ko bwananiwe. Yona yashaka ko Ninewe gihinduka iyindi Sodoma na Gomora ya kabiri. Yipfuza ko Imana ihana abo bantu yahora yanka urunuka. Aho ivyo yipfuza bidashikiye, iciyumviro ciwe carahungabanye cane uhereye ku ntimatima yaco, maze Yona yumva ko vyoba vyiza apfuye kuruta kwemera ko ubuzima bwiwe busuzugurwa. | ||
|
||
Ku ncuro ya kabiri mur‘iyi nkuru ya Yona, Imana yaramusanze aho ari, itazanye igisigurwa canke ubundi butumwa ariko izanye ivyamushikiye mu buzima. Ivyiyumviro ntibiza umuntu arinze kubisaba. Canke ngo bihinduke ngo nuko hari ikintu gishasha twumvise canke gitandukanye. Ivyiyumviro biza kandi bihinduka bivanye n‘ibintu bidushikira mu buzima n‘ukuntu bisobanurwa canke bishirwa mu ngiro. | ||
|
||
Kirya kintu gishasha Imana yakoze cari ico gufasha Yona gutahura ko iciyumviro ciwe cari gipfuye ingohe. Imana yamejeje igiti mu buryo bw‘igitangaza maze kirakura cane mu musi umwe gusa ku buryo catanze igitutu kinini cane kugira ngo gikingire Yona imishwarara y‘izuba ikaze cane. Muri uwo mwanya Yona yararyohewe cane, atishimiye Imana, kuba imukoreye ico gitangaza, ahubwo yagifata nk‘aho ari umuhezagiro ukwiye yategerezwa guhabwa kubera ibikorwa vyiwe vyiza. Aho ico giti cumiye, kabaye akaryo kababaje kuri Yona ko kurushiriza gushavura no kubura amahoro mu buzima bwiwe, mbere n‘ivyiyumviro birushiriza kwongerekana ko yopfuma yiyahura. | ||
|
||
Ico kintu cashitse muri uwo mwanya cakurikiwe n‘ijwi ry‘Imana ryo kumukosora mu bugwaneza, no gufasha Yona kugira ngo abone ukuntu yihenze cane mu guha ico giti agaciro kanini karengeye ako yategerezwa guha abagabo, abagore n‘abana ibihumbi n‘ibihumbi baba muri Ninewe, co kimwe n‘ibitungano vyabo. | ||
|
||
`Iyi nkuru ntirangirira ku kwihana kwa Yona. Ahubwo, kuba iyi nkuru itaherahejwe vyerekana ko ari twebwe itumberezwako. Mbega tuzokora iki mu bijanye n'umwitwarariko Imana ifitiye abanyavyaha, inkozi z'ikibi, na barya bantu ibihumbi n'ibihumbi bitarashikirwa n'ubutumwa bwiza hirya no hino kw'isi?` |
This file contains bidirectional Unicode text that may be interpreted or compiled differently than what appears below. To review, open the file in an editor that reveals hidden Unicode characters.
Learn more about bidirectional Unicode characters
Original file line number | Diff line number | Diff line change |
---|---|---|
@@ -1,7 +1,18 @@ | ||
--- | ||
title: Indongozi | ||
title: Ndi Hano, Ba Ari Jewe Utuma | ||
date: 02/11/2023 | ||
--- | ||
|
||
### <center>Turacyari gukora aya migisho</center> | ||
<center>Muze kugaruka nyuma, Murakoze kwihangana.</center> | ||
Inkuru ya Yona iratangaje cane. Kuba Imana yari gushobora gukiza Abanyeninewe n‘ubwo kitari kuba ico gishingantahe gito ca Yona, ni icibutso gikomeye cane cerekana ko uruhara rwacu ari umuyoboro muto gusa Imana, ishobora gucamwo kugira ngo yemeze kandi ihindure imitima y‘abantu. Ni icibutso gusa co kutwibutsa ko Imana irondera intumwa zifise ubugombe kandi ziciye bugufi zizokurikiza amerekezo yayo. | ||
|
||
`Soma Yesaya 6: 1-8. Mbega ni ikihe ciyumviro nyamukuru cashikirijwe mur‟iki gisomwa?` | ||
|
||
Umuhamagaro uri aha. Imana iriko irondera abantu ituma bavyigombeye. Dutegerezwa kwitaba uwo muhamagaro mu kwishira munsi y‘uburongozi bwayo, mu kwiga kwumva ijwi ryayo, hama tugahitamwo kwubahiriza ivyo ari vyo vyose itubwira. | ||
|
||
Irya nkuru ya Yona yongera kandi ikaduhishurira urukundo Imana ifitiye abantu baba ahantu, abantu batariyumvamwo urukundo rwayo mbere n‘ijwi ryayo ritarasamiranira mu matwi yabo. Neza na neza kurya kuntu Imana yagiriye imbabazi abantu b‘i Ninewe, ni nakwo ifitiye imbabazi abantu ama miliyaridi n‘ama miliyaridi baba mu bisagara bitandukanye uyu musi, aho inyubakwa zasuburiye ibiti n‘amashurwe, mbere n‘amajwi y‘aho akaba atuma bigorana gutekana no gutega amatwi. Kuri Ninewe Imana yavuze ko ari abantu ‟batazi gutandukanya ukuryo n‘ukumosoˮ (raba Yona 4: 11). Imana ikeneye abantu ituma bafise ubugombe bwo kujana ubutumwa bwayo bw‘ivyizigiro ku bantu batwawe n‘ivy‘ubutunzi gusa n‘imyitwarariko y‘ivy‘ubuzima. | ||
|
||
Yesaya yumvise ijwi rigira riti, ‟Ndatuma nde?ˮ Mbega inyishu yawe izoba iyihe? | ||
|
||
`Akamo 1: Ku rupapuro rwawe canke mu gatabo kawe ko kwandikamwo ivyo ukora buri musi, gira urutonde rw'abantu cumi uzi ko atari abizera.Tuzobita ‟abigishwaˮ bawe. Batondekeshe mu mazina yabo nimba bishoboka. Gumiza urwo rutonde iruhande yawe, maze ukurikirane ivyigwa bisigaye muri ano mezi atatu, wame usengera umwe wese buri musi muri abo bigishwa bawe. Senga usaba Imana ngo izogufashe kugiriranira ubugenzi n'abo mumaze kumenyana muri bo. Senga kugira ngo muzoshobore kugiriranira ubugenzi bwimbitse, bwa hafi na hafi cane, kandi burangwamwo ubwizigirwa n'abo bagenzi bawe mutari musanganywe. Mu gihe mutsimbataza ubugenzi bwanyu, raba neza kandi wumvirize neza kugira ngo ube woshobora kumenya ibintu nyezina bakeneye cane, ibibababaza, n'ibibagora. Hama uce usenga kugira ngo Imana izobafashe muri urwo ruhande nyene bafisemwo ingorane.` | ||
|
||
`Akamo 2: Toranya igisagara kikwegereye co kimwe n'igisagara co mu kindi gice c'isi. Tangura gusengera abantu baba kandi bakorera muri buri kimwe cose. Saba Imana kugira ngo izohagurutse umugwi munini cane w'Abadivantiste b'umusi w'indwi mur'ivyo bisagara bazoshobora gusabikanya n'abo bantu ukuri nk'uko dusanzwe tukuzi – ukuri kujanye n'uko Yesu yegereje kugaruka.` |
Oops, something went wrong.